Euro 2016: Kubuza inzoga ku bibuba

Fan and police Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umwe mu barorerezi bakomerekeye mu mishamirano yo mu gisagara ca Marseille

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Bernard Cazeneuve yahanuye abakuru b'ibisagara biberamwo ihiganwa rya Euro 2016 kubuza kunywainzoga mu bibanza bimwe bimwe igihe canke imbere y'uko haba urukino.

Ibi ngo n'ukubera ivyakozwe n'abakunzi b'imigwi itandukanye batanye mu mitwe kubera akaboregwe mu gisagara ca Marseille mu misi itatu iheze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption UEFA iragabisha gufatira ibihano abongereza n'abarusiya harimwo no kubakura mw'ihiganwa rya Euro 2016

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Buraya, UEFA, ryagabishije ko rishobora gufatira ibihano harimwo no gukura mw'ihiganwa ibihugu vy'Ubwongereza n'Uburusiya, mu gihe abakunzi b'imigwi y'ivyo bihugu bosubira kugira akajagari nk'uko vyagenze igihe haba urukino rubahuza mu gisagara ca Marseille.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bamwe mu barorerezi bagiye kuraba umupira bamaze kuborerwa

Akaboregwe ngo kari mu vyatumye haba ako kajagari, aho bamwe mu barorerezi bagiye kuraba umupira bamaze batakibona iyo baja.

Reta y'Ubwongereza yamaze kwemera kurungika abapolisi bajejwe kurwanya akajagari imbere y'uko urundi rukino rwabo ruba ku musi wa kane.

"Tuzokora uko dushoboye mu kuburizamwo akajagari harimwo no kubuza kudandaza inzoga, kunywa inzoga eka mbere no kujana inzoga mu bibanza bibamwo abaje kuraba ihiganwa rya Euro2016," ni ko Cazeneuve yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Mu ngingo ziriko zirafatwa, harimwo kubuza inzoga mu bibanza biromwo abaje kurorera Euro 2016

"Tuzobuza inzoga ahantu hose hahurira abantu benshi."

Ububare na bwo budandaza inzoga, bizoba ngombwa guhindura amacupa arimwo inzoga kubera imborerwa ari yo bakoresha mu kugwana na cane cane mu kuyatera abapolisi.