Kubera ingwara, Pistorius ntashobora kuburana

Pistorius Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Pistorius ntashobora kwiregura muri sentare kuko amagara yiwe atifashe neza

Umunonotsi agendana ubumuga wo muri Afrika y'epfo, Oscar Pistorius, yategerezwa kwitaba sentare uyu musi mu rubanza rwo kwica umugenzi wiwe, afise ingorane zo mu mutwe zituma adashobora kuburana.

Umuhinga mu ngwara zo mu mutwe yabwiye sentare ko Pistorius ko afise ingora z'akabonge, inyuma y'aho sentare nkuru yo muri ico gihugu yongereje uburemere bw'ivuaha yagirizwa.

Sentare nkuru yavuze ko habaye amakosa, ko uwo munonotsi ategerezwa kubazwa urupfu rw'umukunzi wiwe, Reeva Steenkamp, yagandaguye mu mwaka wa 2013.

Vyitezwe ko se wa Reeva uyu musi abazwa na sentare kubera ubwa mbere bitashobotse bivuye ko yari yacitse intege acumva uko umwana wiwe yishwe bunyamaswa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu gihe Pistorius yohamwa n'icaha co kwica umukunzi wiwe Reeva Steenkamp, ashobora guhanishwa gupfungwa imyaka 15

Mu gihe sentare yomuhamya icaha, Pistorius yoca apfungwa imyaka 15.

Sentare ni yo izoshinga igihe yopfungwa kuko ubu yari asanzwe apfungiwe ku muhana iwe.

Ingingo ya sentare yitezwe ku musi wa gatanu w'indwi iza.