Omar Mateen yaraja muri Pulse gay club kenshi

Omar Mateen Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Omar Mateen yaja i Pulse gay club incuro nyinshi

Umugabo yagirizwa ubwicanyi bwabereye mu nzu yidagaduriramwo abakundana basangiye igitsina ya Pulse muri Amerika, yaja muri ico kibanza kenshi, nk'uko bivugwa n'ivyabona.

Chris Callen, atambira muri ubwo bunywero bwa Pulse i Orlando, mu ntara ya Florida, yabwiye ikimenyeshamakuru ca New York Daily, ko Omar Mateen yaja muri ico kibanza mu kiringo kirenga imyaka itatu.

Abagira amatohoza bariko barakurikirana ivyo bivugwa, nk'uko ibinyamakuru vya Amerika bibivuga.

Umugabo umwe, Kevin West, yabwiye ikinyamakuru ca Washington Post ko yabonye Mateen atambuka kuri Pulse mu masaha ya kare mu gitondo co ku w'Imana, bakaba bari bamaze guhurira ku rubuga ngururkanabumenyi ruhurirako abakundana basangiye igitsina rwa Jack'd.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Omar Mateen yishe abantu 49 akoresheje inkoho mu bunywero bwa Pulse ku musi w'Imana

"Ndibuka ido n'ido," ni West yavuze."Sinshobora kwibagira uko asa".

Mu gihata atakiravugwa ku mugaragaro n'abategetsi kuri ivyo bivugwa, CNN na NBC bavuga ko abagira amatohoza bakivyihweza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu ibihumbi n'ibihumbi bibutse abahasize ubuzima mw'ijoro ryo ku wa mbere

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bakoraniye hagati mu gisagara ca Orlando mw'ijoro ryo ku wa mbere, bitwaje amatara n'amashurwe mu kunamira abitavye Imana.

Imam Muhammad Musri wo mw'ishirahamwe ry'aba Islam mu ntara ya Florida, yavuze ko ico gitero ari "igikorwa c'iterabwoba, igikorwa c'urwanko".

"Turateye ivyatsi iyo ngengabitekerezo y'urwanko, ubwicanyi no gusambura kandi turahamagariye abarongozi muri Islam hamwe n'abantu bose bo muri iki gihugu no kw'isi yose, guhagurukira rimwe, mu kugwanya aka karanda, tukarandurane n'imizi rimwe na rimwe," n'uko yavuze.