Pistorius ategerezwa kubazwa urupfu rwa Reeva Steenkamp

Barry Steenkamp Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Barry Steenkamp yavuze ko yibuka umukobwa wiwe buri saha

Se wa Reeva Steenkamp yabwiye sentare ko Pistorius ategerezwa kubazwa urupfu rw'umukobwa wiwe.

Pistorius yarahamwe n'icaha co kwica umukunzi wiwe Steenkamp inyuma sentare isubiriyemwo urwaciwe ubwa mbere.

Bitegekanijwe ko sentare iheza kwumviriza urwo rubanza ku musi wa gatanu, ice ifata ingingo nimba yomara imyaka 15 mw'ibohero.

Barry Steenkamp yasavye ko amafoto y'umukobwa wiwe yokwerekanwa kugira abantu babone ibikomere yari afise.

Abamenyeshamakuru bavuze ko ijwi ry Steenkamp ryadegeye n'amarira mu maso igihe yavuga ko aguma yiyumvira umukobwa iwe"mu gitondo, ku mutaga no mwijoro...buri saha".

Uwo mutama w'imyaka 73 yabwiye sentare nkuru ya Pretoria ko atakivugana na Pistorius, ariko ko umugore wiwe yashoboye kubabarira uwo munonotsi atagira amaguru.

"Utegerezwa kwumva ko ukubabarirwa bidasigura kugukurako icaha wakoze," ni ko yavuze.