Abacuruza abantu bafashwe mu gihugu ca Tanzania

Tanzania map
Image caption Reta ya Tanzania imenyesha ko abakobwa barenga 500 baheze mu bihugu vyo mu buseruko bwa Asia, bagiyeyo bemerewe akazi

Abaraba abinjira n'abasohoka mu gihugu ca Tanzania bahagaritse abantu batanu bakekwa kujana abana b'abigeme mu bihugu vyo mu buseruko bwa Asia hadakurikijwe amategeko.

Abo bahagaritswe bava mu bihugu vya Arabia Saoudite, Maroc, Kenya hamwe na babiri bo mu gihugu ca Tanzania.

Abo bantu bari ku rugendo bari kumwe n'abakobwa 12 b'abarundikazi.

Umukuru w'ibiro biraba abasohoka n'abinjira mu gihugu ca Tanzania, John Msumule yavuze ko abo bakekwako ico caha bafatiwe mu gisagara ca Dar Es Salaam.

Msumule yatangaje ko abo bantu bafashwe nk'intambwe ikomeye yo kugwanya ingeso yo kugurisha abantu muri Tanzania.

Mu ndwi iheze, reta ya Tanzania yatangaje ko abagore barenga 500 baheze mu bihugu vyo mu burasirazuba bwa Asia, inyuma yo kujanwayo bemerewe akazi.