Umunye Algeria Sofiane Feghouli muri West Ham

Sofiane Feghouli Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunye Algeria Sofiane Feghouli agiye gukinira umugwi wa West Ham United imyaka itatu

Umugwi w'umupira w'amaguru wa West Ham mu Bwongereza wagiriraniye amasezerano n'umukinyi w'umunye Algeria Sofiane Feghouli y'imyaka itatu.

Uwo mukinyi agiye muri uwo mugwi ata n'igikoroti uwo mugwi utanze.

"Ndanezerewe gushira umukono ku masezerano na West Ham no gukorana n'umumenyereza Slaven Bilic".

"Kahise k'uyu mugwi karakomeye kuri jewe", nk'uko Feghouli yabibwiye urubuga rwa internet rwa West Ham United.