Hoba ikibazo c'ubutunzi Ubwongereza buvuye muri EU

flags Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abategetsi bagabisha ko Ubwongereza buvuye muri EU hoba ingorane z'ubutunzi

Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe ubutunzi, George Osborne aragabisha ko hazogabanywa amahera reta ikoresha, hongerezwe amakori igihe abantu botora kuva muri EU, mu matora ategekanijwe mu ndwi iza.

Mw'ijambo aza gushikiriza, Osborne araza kwerekana uko ubutunzi butifashe neza.

Araza kuvuga ko kuva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya bizotuma haba ingorane z'ubutunzi, mu mahera reta ikoresha hasigare ikinogo c'ama miliyoni yoba ashika imiriyaridi 40 z'amadolali.

Abashaka kuva mw'ishirahamwe rya EU bamwagiriza gutera ubwoba abantu ko bazozana umugambi wabo w'ingene reta izokora, harimwo n'ibiganiro vyerekeye ubutunzi bogiriranira n'ibihugu bisigaye muri iryo shirahamwe.