IS yaragize genocide y'aba Yazidi

yazidi youth Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abigeme n'abahungu b'aba Yazidi bariko bararimba banasenga imbere y'ishengero ryabo rya Lalesh

Abajejwe amatohoza mu kanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu bagirije umugwi wa Islamic State gukora genocide y'aba Yazidi muri Irak no muri Syria.

Akanama kajejwe amatohoza muri Syria kavuga ko IS bariko baragerageza guhonya aba Yazidi bose mu kwica abagabo no mu gushira mu buja abapfasoni babo n'abana, hamwe no kubabuza imico n'imigenzo yabo.

Abo bahinga bavuga ko bakwiye gushikanwa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha kandi ko n'izindi nguvu zikwiye gukoreshwa kugira mu gufasha aba Yazidi.

Abapfasoni b'aba Yazidi barenga ibihumbi bitatu n'abana baragizwe ingwati bakaba bagurishwa kubashaka kuryamana na bo.