Abimukira b'abanyesomalia 18 bapfiriye mw'ikamyo

Truck
Image caption Abimukira 18 b'abanye Somalia bapfiriye mw'ikamyo yari ivuye mu muri RDC

Igipolisi ca Zambia kivuga ko abimukira b'abanye Somalia 18 bapfuye inyuma yo kwinyegeza mw'ikamyo itwaye ifi yari ivuye muri RDC.

Umukuru w'igipolisi ca Zambia, Hudson Namachila yavuze ko iyo kamyo yahagaze ku rubibe rwa Congo, igihe abimukira bayihondagura cane bashaka ko abayitwaye babumva.

Abadereva baciye bahagarikwa.

Cumi n'umwe mu basomalia 44 bari bayirimwo basanze bapfuye, abandi indwi bitaba Imana mu nyuma.

Abasigaye 26 na bo nyene bahagaritswe.