Inkino z'igikombe ca Bulaya

Wayne Rooney Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Capitaine Wayne Rooney yakoze ibikomeye

Igitsindo ca Daniel Sturridge catumye Ubwongereza butsinda umurwi wa Pays des Gales.

Ku gitsindo ca Gareth Bale, Pays des Gales yari waronse umwitwangirwa w'igitego kimwe imbere y'Ubwongereza.

Ireland du Nord yo yatahukanye intsinzi y'ibitego bibiri ku busa bwa Ukraine, ku bitego vya Gareth McAuley na Niall McGinn.

Muri kano kanya, Ubwongereza buriko bukina na Pologne, aho iyo mirwi yagiye mu karuhuko ata n' umwe urinjiza igitego.