Imyaka 90 mw'ibohero azira kwonona abana yigisha

kenya prison car
Image caption Umwigisha yaciriwe gupfungwa imyaka 90 azira gufata ku nguvu abana b'abahungu yigisha

Umwigisha umwe wo mw'ishure ritoyi ryo mu karere ko hagati mu gihugu ca Kenya, yaciriwe gupfungwa imyaka 90 azira gufata ku nguvu abana yigisha.

Iki ni kimwe mu bihano vyo gupfungwa umwanya muremure ku bantu bononye abana gihawe umuntu mu gihugu ca Kenya.

Umwigisha John Gichia Mugi w'imyaka 23 yahamwe n'icaha co gufata ku nguvu abana b'abahungu 10 bo mw'ishure ritoyi rya Muran'ga, riri ku birometero 120 mu burengero bw'igisagara ca Nairobi mu mwaka 2015.

Uwo mwigisha yakora atagahembo asavye, azopfungwa imyaka 10 kuri buri mwana yononye.

Umucamanza yavuze ko yakoresheje nabi agaciro n'icizere abavyeyi b'abo bana bato bari bamugiriye yategerezwa gucungera.

Image caption Abo bana b'abahungu barerekanye ibimenyetso ko uwo mwigisha yabakora ku bihimba vy'irondoka, mbere rimwe na rimwe akaba yarabasoma.

Abo bana b'abahungu barerekanye ibimenyetso ko uwo mwigisha yabakora ku bihimba vy'irondoka, mbere rimwe na rimwe akaba yarabasoma.

Ico gihano co gupfungwa imyaka 90, ni ikimenyetso ko reta ya Kenya itanguye gufata ingingo ruhasha ku bantu bose bashurashuza abana muri ico gihugu.

Mu gihe yoramba, Mugi azova mw'ibohero afise imyaka 113.