Umukandida wa ANC i Tshwane yatumye haba imidurumbanyo

Tshwane Uwufise ububasha kw’isanamu EWN
Image caption Iturigwa ry'imodoka ryatumye hataba uruja n'uruza mu mabarabara menshi yo mu micungararo y'igisagara ca Pretoria

Uwo umugambwe wa ANC washize imbere ngo arongore igisagara ca Tshwane, yatumye haba imidurumbanyo yo kumwiyamiriza.

Igipolisi kiriko kirita ku rutare mu guhosha iyo midurumbanyo yadutse mu turere twinshi twegereye umugwa mukuru wa Afrika y'epfo, Pretoria.

Itangazo rya reta rihamagarira abantu gutekana rivuga ko abapolisi "barashwe igihe abari mu myiyerekano batera amabuye imodoka barimwo".

Ibimenyeshamakuru vyo ngaho muri Afrika y'epfo vyerekana amafoto y'ivyo bazibije ibarabara rikuru biriko birasha.

Imidurumbanyo yadutse mu karere ka Tshwane bivugwa ko yavuye ku mukandida umugambwe uri ku butegetsi wa ANC washize imbere ngo arongore ako karere.

Reta ya Africa y'epfo yasavye ko hoba ibiganiro mu gutorera inyishu ico kibazo.

Bamwe mu bayoboke ba ANC mu gisagara bivugwa ko bashavuye ko uwahora atwara ako karere Kgosientsho Ramokgopa yigijwe inyuma muri ayo mabanga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abari mu myiyerekano bazibiye amabarabara babanje guturira ivyo bayarunzemwo

Ariko Ramokgopa yari yavuze ko yanezerejwe n'uko bahisemwo Thoko Didiza, nk'uko inkuru ziva mw'itororokanirizo ry'amakuru rya EWN ryo ngaho muri Afrika y'epfo zibivuga.

"Ndashaka gusaba abantu gutekana, kubasaba kudahungabanya ubuzima bw'abandi. Reka aya amatora abe mu mwidegemvyo kandi ata gitsure," uko ngo ni ko yavuza.