Ingwara itaramenyena yateye mu ntara ya Dodoma

Tanzania map
Image caption Ingwara itaramenyekana imaze guhitana abantu 7 mu ntara ya Dodoma, hagati mu gihugu ca Tanzania

Ubwoba n'umwitwarariko wakwiragiye mu ntara ya Dodoma hagati mu gihugu ca Tanzania inyuma yo kwaduka ingwara itaramenyekana.

Gushika ubu abantu bashika indwi baramaze kwitaba Imana, abandi 21 bakaba bari mu bitaro vyo muri iyo ntara ya Dodoma, kandi abaganga ntibaramenya umuti wo kuyivura.

Ibimenyetso vy'iyo ngwara ni kuyorwa, gucibwamwo, urukoba n'amaso bigasa n'umuhondo hamwe no kubabara mu nda.

Kubera iyo ngwara, hamaze gutegurwa ikibanza mu bitaro bikuru vya Dodoma, aho ata muntu n'umwe arekuriwe kwegera atari abaganga gusa, na bo nyene bajajayo biteguye neza.