Akajagari mu nama nshingamateka ya Amerika

democrats members of parliament Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abshingamateka b'abademocrate bicaye hasi mu nama nshingamateka

Habaye akajagari mu nama nshingamateka ya Amerika igihe abademokrate bayugariza basaba amatora kw'igenzurwa ry'ibigwanisho.

Iryo yugariza rishitse inyuma y'igitero giherutse i Orlando, cahitanye abantu benshi muri kahise ka hafi ka Amerika.

Abarepublicain baciye bungururiza ibikorwa vy'inama nshingamateka ku musi wa kane kugira bahagarike iryo yugarizwa, baca bazimya na kamera zose.

Ariko abademokrate barenga miro ibiri bahagumye, bashikiriza amajambo ku matelefone n'aho bariko bararenga ku mategeko agenga gutangaza inkuru.

Inkuru z'ikibiriraho zaca kuri Periscope na facebook hakoreshejwe umuhora wa C-Span, wagumye ukurikirana ivyabereye vyose mu nama nshingamateka.

Umwe mu bashingamateka b'abademokrate, Scott Peters, yatanze imfungurwa, yavuze ko iryo yugarizwa ritakurikije amategeko.

Iryo yugariza ry'abadempcrate ryakurikiye igitero c'inkoho cabaye itariki 12 z'ukwezi kwa gatandatu, aho umugabo yavuga ko akorana na Islamic State, Omar Mateen, yishe abantu 49 mu nzu y'ubunywero ya Orlando, mu ntara ya Florida.