Igihuhusi cahitane abantu baringa 51 mu Bushinwa.

houses Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzu zahitanywe n'igihuhusi

Ihindagurika ry'ikirere ryahitanye abantu 51 mu buseruko bw'Ubushinwa, hakomereka abarenga mirongo ibiri, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vya reta.

Itororokanirizo ry'amakuru rya reta, Xinhua rivuga ko ico gihugu n'imvura y'isegenya hamwe n'imituragaro vyateye intara ya Jiangsu ku musi wa kane inyuma y'umutaga.

Inzu zo mu gisagara ca Yancheng zatwawe, ni ko bavuze.

Television ya CCTV yerekanye imodoka zatembagaye n'ibiti vy'amatara vyatembagaye, nk'uko AP ivuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amabarabara yari yuzuye amazi, amamodoka yabuze aho aca

Uturere twinshi tw'Ubushinwa twaratewe n'imvura y'isegenya muri iyi ndwi.

Imyuzure hagati mu Bushinwa wishe abantu 22 utuma abandi bababa 200,000 bata izabo, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibisigarira vy'ibintu vyasambutse

Ivyahononekariye vyoba biciye amadolali ari hagati y'amamiliyoni 410.

Icegera c'umushikiranganji wa mbere yavuze ko Ubushinwa buhanganye n'ihindagurika ry'ibihe kubera inkurikizi rya El Nino.