Cameron azotanga imihoho mu mezi ari imbere

David Cameon Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron yamenyesheje ko agiye gutanga imihoho mu misi iri imbere

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yamenyesheje ko azotanga imihoho mu misi iri imbere.

Cameron, yiyamamaje cane asaba ko Ubwongereza bwoguma mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, yavuze ko ivyo abanyagihugu b'abongereza bahisemwo bitegerezwa kwubahirizwa.

Berekanye ico bafise ku mutima, igihugu rero gikeneye ubundi burongozi bushasha.

Yavuze ko ashobora kuba aragumye muri ico kibanza kugira ntihabe ihungabana z'inzego mu ndwi ziri imbere, ariko ko uwundi mushikiranganji wa mbere ari we azorongora ibiganiro vy'ingene Ubwongereza bwova mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.