Karim Wade yarekuwe aca arahunga

Karim Wade Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Karim Wade yarekuwe amaze imyaka itatu mw'ibohero ku kigongwe c'umukuru w'igihugu

Umuhungu w'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Senegal Abdoulaye Wade yarekuwe amaze kuronka ikigongwe c'umukuru w'igihugu, nk'uko reta yabimenyesheje.

Karim Wade yari amaze imyaka itatu kuri itandatu yaciriwe gupfungwa, yagirizwa kwikubirako ubutunzi biciye mu nzira zitemewe n'amategeko, ku ntwaro ya se wiwe.

Yaciye ava muri Senegal ubwo nyene akirekurwa aja mu gihugu ca Qatar, nk'uko reta yabivuze.

Karim Wade yagirijwe ivyaha vyo kurya igiturire inyuma y'aho prezida Macky Sall ashikiririye ubutegetsi mu 2012.