EU isaba ko Ubwongereza buva muri iryo shirahamwe vuba

Jean Claude Juncker Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'akanama k'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya Jean Claude Juncker yavuze ko ibihugu 27 bisigaye bizobandanya

Abategetsi ba EU basavye ko Ubwongereza butegerezwa gutangura ibiganiro vyo kuva muri iryo shirahamwe, bavuga ko guteba vyobandanya bitera urujijo.

Umukuru w'akanama k'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, Jean-Claude Juncker yavuze ko "Ubumwe bw'ibihugu 27 bisigaye buzobandanya".

Ubwongereza bwemeje kuva muri EU ku majwi 52% kuri 42% y'abashaka kugumamwo, kandi David Cameron yamenyesheje ko azotanga imihoho mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Yavuze ko umushikiranganji wa mbere mushasha ari we azo kurikirana ibikorwa vyo kuva muri Eu.

Image caption Kw'isoko ry'amahera habaye agahombo gakomeye bikimenyekana ko abashaka kuva muri EU batsinze n'agaciro k'amapawundi kakaba kamanutse biteye ubwoba.

Kw'isoko ry'amahera habaye agahombo gakomeye bikimenyekana ko abashaka kuva muri EU batsinze n'agaciro k'amapawundi (bakunze kwita livre Sterling) kakaba kamanutse biteye ubwoba.