Mu Bwongereza hari abicuza gutora kuva muri EU

Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bamwe mu batoye ko Ubwongereza buva muri EU baricuza

Mu gihe ingaruka zo kuva kw'Ubwongereza mw'ishirahamwe rya Buraya zitanguye kwigaragaza, abantu barenga umuriyoni basavye inama nshingamateka itora rigira kabiri.

Babisavye mu gushira umukono ku rwandiko ruri ku rubuga internet rwa leta y'Ubwongereza.

Urwo rwandiko ruvuga ko kuba abatoye kuva muri EU ari 52%, abitavye amatora bakaba bari munsi ya 75%, ngo ntibikwiye.

Vyashitse n'aho urubuga ruhagarara gukora kubera ubwinshi bw'abantu bariko barashira umukono kuri urwo rwandiko.

Bamwe mu bantu batoye ko Ubwongereza buva muri EU baricuza, bakavuga ko batibaza ko bari gutsinda.

Ukwo kwicuza kwabo kwatumye haza iyindi mvugo ku mbuga hwaniro yiswe Regrexit.