AU rivuga ko umuti ku kibaco c'u Burundi wihutirwa

Ishirahamwe rya Afrika
Image caption Abaserukiye ishirahamwe rya Afrika mu rugendo baherukamwo mu Burundi ngo babonye ico bashaka kubona

Abagize inama ijejwe amahoro n'umutekano mw'ishirahamwe rya Africa bavuga ko hakenewe vyihuta ko hatorwa umuti wo kurangiza ibibazo vya politike mu Burundi.

Barangije urugendo bari bamazemwo iminsi ine muri ico gihugu.

Ambassadeur Lazare Makaya Safouesse arongoye izo ntumwa yabwiye abamenyeshamakuru ko bashitse mu gihugu hagati bongera babonana n'abarongoye inzego z'igihugu, amadini, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, urwaruka n'abagore.

Yagize ati ''Twararonse amakuru twashaka''.

U Burundi bumaze umwaka urenga buri mu ntureka z'umutekano na politike zandurutse ku kiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.

Abantu amajana baramase kwicwa abandi ibihumbi barahunga.

Umukuru w'iyo nama igizwe n'abaserukira ibihugu 15, Lazarre Makaya Safouesse, yavuze ko basanze hari intambwe yatewe mu kugarukana amahoro n'umutekano ariko ngo haracari vyinshi vyo gukora.

Impunzi zikeneye gutaha

Ambassadeur Safouesse aserukira Congo Brazaville muri iryo shirahamwe yavuze ko gushika ubu Abarundi bahunze igihugu ari ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu n'indwi (257.000).

54 kw'ijana (54%) muri abo ni abagore, nayo 35 kw'ijana (35%) ni abakiri bato bafise imyaka itarenga 25.

Mu gihugu hagati abarundi barenga miliyoni zine (4.000.000) bakeneye imfashanyo y'ivyo kurya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abarundi bahunze igihugu ni ibihumbi 257

Ambassadeur Makaya Safouesse yavuze ati ''nico gituma mvuga ko vyihuta ko hagira igikorwa''.

Yavuze ko impande zose rero zitegerezwa kuja ku meza y'ibiganiro kugira hatorwe inyishu.

Ishirahamwe rya Africa rishigikiye ibiganiro birongowe n'umukuru wa Uganda, Yoweri Museveni, yunganirwa n'uwahoze ari umukuru wa Tanzania, Benjamin Mkapa.

Indorerezi za Africa n'ubu ntizirarungikwa

Ishirahamwe rya Africa mu kwezi kwa kabiri ryari ryumvikanye na leta y'u Burundi ko hagiye kurungikwa mu Burundi indorerezi za gisirikare zokwiza ijana (100) kuri 35 zihasanzwe n'izagateka ka zina muntu ijana nyene (100).

Biri mu vyashitsweko mu rugendo rw'abakuru b'ibihugu batanu inyuma y'aho iciyumviro co kurungika inteko 5000 cankiwe, ariko izo ndorerezi n'ubu ntizirarungikwa.

Safouesse yavuze ko Ishirahamwe rya Africa rikiriko rirumvikana na leta y'u Burundi ku masezerano yogenga izo ndorerezi.

Imishahara ya AMISOM

Abagize inama ijejwe umutekano mw'ishirahamwe rya Afirca batangaje ko hari ikibazo c'imishahara y'abasirikare bari gucungera amahoro muri Somalia mu rwego rwa Amisom.

U Burundi bufiseyo hafi ibihumbi 6 (6.000), hakaba haheze amezi hafi icenda badahembwa.

Ambassadeur Makaya Safouesse yagize ati: ''Si ikibazo c'Abarundi gusa. Ishirahamwe rirafise ingorana y'uburyo. Ishirahamwe rya Bulaya ryahora ridufasha ku mafaranga ryaduha ryakuyeko 20%''.

Yavuze ko co kibazo bakivuganye n'inama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano.