Messi yatanze imihoho mu mugwi nserukiragihugu

Lionel Messi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Lionel Messi yatanze imihoho mu mugwi nserukiragihugu

Umukinyi w'imbere wa Argentine hamwe n'umugwi wa Barcelone yatanze imihoho mu mugwi nserukiragihugu.

Uwo mukinyi wa mbere kw'isi yafashe iyo ngingo inyuma yo kunanirwa gutsinda penalty, yatumye igihugu ca Chili gitsina Argentine mu rukino rwa nyuma rwa Copa America.

" Kuri jewe, gusubira gukina mu mugwi nserukiragihugu, sinzosubira".

"Narakoze ivyo nshoboye."

"Mu vy'ukuri birambabaza kuba ntaratwara igikombe na kimwe mpuzamakungu" ni ko uwo mukinyi w'imyaka 29 yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Messi amaze gutsindwa mu nkino za nyuma zitatu zose mpuzamakungu

Uwo mukinyi w'imbere yarafashije umugwi wa mbere wa Barcelone muri Espagne, gutwara ibikombe umunani, bine bikaba ari ivyo imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya.

Messi ariko yarigeze gutwara umudali w'inzahabu mu nkino za Olympic zo mu mwaka wa 2008.

Igihugu ca Argentine kimazwe gutsindwa mu nkino za nyuma zitatu mpuzamakungu.

Argentine yatsinzwe kimwe ku busa n'Ubudagi mu gikombe c'isi mu mwaka wa 2014 mu gihugu ca Brezil.

Ico gihugu kandi kimaze gutsindwa na Chili incuro zibiri zose mu nkino za Copa America habanje guterwa penalty.

Messi kandi yari mu bakinyi batsinzwe na Brezil mu nkino nk'izo zo mu 2007.

Argentine yari yanganije 0-0 inyuma y'umwanya wategekanijwe n'amategeko, hamwe n'uwo inyongera.

Chili yatsinze Argentine 4-2 kuri penalty.

Messi ni we yatanguye guhusha penalty ya mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu gihugu ca Espagne Messi amaze gutsinda incuro 453 mu nkino 531.

Mu gihugu ca Espagne Messi amaze gutsinda incuro 453 mu nkino 531.

Messi kandi ni we amaze kwinjiza ibitego vyinshi mw'ihiganwa ryo muri Espagne, n'ukuvuga ibitsindo 312.