Abakuru ba Senat muri Nigeria bitavye sentare

Bukola Saraki Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bukola Saraki arahakana ivyo yagirizwa

Umukuru w'inama nshingamateka n'icegera ciwe muri Nigeria bitavye sentare bagirizwa guhindura amategeko hadakurikijwe amategeko kugira bagume mu bibanza barimwo.

Mu gihe bohamwa n'icaha, bazohanishwa igihano co gupfungwa imyaka 14.

Bukola Salaki, n'icegera ciwe Ike Ekweremadu, babeshuje ivyo bagirizwa, bivugwa ko vyabaye mu mwaka uheze, aho vyabafashije kuja mu bibanza barimwo ubu.

Seraki kandi, asanzwe afise n'urundi rubanza rujanye no kubesha ku matungo afise , na vyo nyene akaba abihakana.