Ethiopia mu kanama ka Onu kajejwe umutekano

UN Council Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igihugu ca Ethipia catorewe kuja mu kanama ka Onu kagutse kajejwe umutekano

Onu yatoye ibihugu bigize akanama kagutse kajejwe umutekano kw'isi aho Ethiopia yatowe gusubirira Angola yahejeje ikiringo cayo mu mpera z'umwaka uheze.

Vyagaragara ko igihugu ca Ethiopia gitotwa kuko nta kindi bari bahanganye kandi cari gishigikiwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Bilivia na Suede ba vyo nyene vyatorewe kuja muri ako kanama.

Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe imigenderanire yanditse kuri Twitter

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe imigenderanire yaciye amenyesha iyo nkuru kuri Twitter

Misri na Senegal biri mu bindi bibanza bibiri bigenewe Afrika bikaba bizorangiza ikiringo mu mpera za 2007, birangije imyaka ibiri itegekanijwe n'amategeko.

Akanama ka Onu kajejwe umutekano gafise ibihugu ntayegayezwa bitanu- Amerika, Ubwongereza, Uburusiya, Ubushinwa n'Ubufaransa, hamwe hamwe n'ibindi bibanza 10 ibindi bihugu biguma bibisanyamwo.