Ubwongereza bwakumiriwe mu nama ya EU

EU summit Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intebe y'Ubwongereza iza kuguma igaragara ku musi ugira kabiri w'inama y'abategetsi ba Buraya i Bruxelles

Abategetsi ba EU bariko barabonana umusi ugira kabiri ku bihanze iryo shirahamwe i Bruxelles, ariko Ubwongereza butarimwo inyuma yo gutora kuva muri iryo shirahamwe.

Ivyo bihugu 27 biraganira uko Ubwongereza bwova muri iryo shirahamwe, bwo bwakumiriwe, incuro ya mbere mu myaka 40.

Ku musi wa kabiri, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron, yavuze ko vyoba vyiza babandanije gufashanya mu vyerekeye ubudandaji n'umutekano.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi yateye akamo ko hokubahirizwa ivyavuye mu matora mu Bwongereza.

We co kimwe n'abandi bategetsi barasubiye guhamagarira Ubwongereza kwerekana ikirangamisi c'uko bwova muri iryo shirahamwe vuba bishoboka.

Agishika muri ivyo biganiro ku wa gatatu mu gitondo, Charles Michel, umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi, yavuze ko Ubwongereza " budashobora kwemera kuguma mu ngorane za politike umwanya murumure ."

Michel yise amatora yo kuva muri EU "nk'akagohe bakubitiye" iryo shirahamwe, yavuze ko rikeneye kugira inguvu mu nzira igaragara yo guteza imbere imigambi ya Buraya".

Abandi bategetsi bahamagariye ibindi bihugu 27 bisigaye kuja hamwe kugira bigume ari urunani.

"Ku gucanamwo kuri mu Bwongereza, dukeneye Uburaya bugize urunani gusumba," nk'uko vyashikirijwe n'umushikiranganji wa mbere wa Luxembourg, Xavier Bettel.

Prezida wa Lithuania, Dalia Grybauskaite yavuze ko abategetsi basigaye " bakeneye kwikangura bakabona ko vyarangiye".