Igitero ca bombe cahitanye abantu 18 muri Somalia

bomb blast Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igitero ca bombe ku modoka yunguruza abantu muri Somalia cahitanye abantu 18

Inkuru ziva muri Somalia zivuga ko abantu 18 bahitanywe na bombe bari mu modoka yunguruza abantu bariko baraja ku mugwa mu kuru wa Somalia, i Mogadishu.

Ibombe yari yatezwe iruhande y'ibarabara yaturikiye ku modoka yari itwaye abantu.

Abitavye Imana bose bari abanyagihugu basanzwe.

Ico gitero cabereye hagufi y'igisagara ca Lafole.

Vyibazwa ko abateze iyo bombe bashaka gutegera imodoka y'abasirikare yari ihegereye.

Kenshi na kenshi, abagwanyi ba Al Shabab bakunze kugira ibitero ku basirikare ba reta.