Umwigisha w'umugabo yahetse umwana mw'ishure

Honore Kahi Uwufise ububasha kw’isanamu @FIERIVO01
Image caption Umwigisha wa kaminuza muri Cote d'ivoire, Honore Kahi yafashwe ifoto ahetse umwana w'umunyeshure wiwe, yavuze ko kuvyara bidakwiye kubuza abapfasoni kwiga.

Umwigisha wa kaminuza muri Cote d'ivoire, yafashwe ifoto ahetse umwana w'umunyeshure wiwe, yavuze ko kuvyara bidakwiye kubuza abapfasoni kwiga.

Honore Kahi yibwirije guheka uwo mwana igihe yariko ararira abuza nyina wiwe kwiga.

Yavuze ko abigisha biwe batangaye , baca batangura gutwenga no kumufotora.

Yabwiye BBC baciye ubwo nyene batangura kuvuga " uyu ni umuvyeyi mwiza, uyu ni we mugabo ... kandi ni akarorero".

Bamwe mubakwiragije iyo foto ku mbuga ngurukanabumenyi baramushimagije nk'umuntu w'intwari.

Kahi, yigisha itumatumanako muri kaminuza ya Bouake muri Cote d'Ivoie, yavuze ko abapfasoni badakwiye gucika intege n'uko abantu babafata kuvyo boba bashoboye gukora.

Abigeme basa n'abangana n'abahungu barangiza amashure matomato mu karere ko musi y'ubugaragwa bwa Sahara, ariko ni bake cane mu mashure yisumbuye na kaminuza, nk'uko Onu ibivuga.

"Si ukubera ibintu bigoye bituma tutabigerageza. Ahubwo n'ukubera tutabigerageza tugaca dufata ko bigoye. Aho tubaye turareka tugacibwa intege n'abandi", n'uko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu @FIERIVO01
Image caption Honore Kahi yavuze ko abagabo bashoboye gukora ibintu vyinshi, ariko ko rimwe na rimwe uko abantu babifata ari vyo bituma abagabo banka kubikora.

Yavuze ivyo igihe yafata uwo mwana amushira mu mugongo, aho yaciye areka kurira aca arasinzira.

Arazi uko babikora uravye neza ko abapfasoni baheka abana.

"Mu bisanzwe, abagabo barashoboye gukora ibintu vyinshi, rimwe na rimwe uko abantu babifata ni vyo bituma abagabo banka kubikora."