Hazard ashobora kudakina ku wa gatanu

Eden Hazard Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ububiligi bufise umutima uhagaze ko Eden Hazard hari igihe atokina ku wa gatanu muri Euro 2016 aho bazohura na Pays de Galles

Umugwi w'Ububiligi urarindiriye kumenya nimba kizigenza w'uwo mugwi, Eden Hazard azoshobora gukina ku musi wa gatanu, aho bazoba bahura n'umugwi wa Pays de Galles.

Hazard w'imyaka 25, akaba anakinira umugwi wa Chelsea, yarinjije igitsindo n'ubuhinga bwinshi mu rukino batsinze 4-0 igihugu ca Hongria bakiriko barakuranamwo.

Yarababaye kw'itako muri urwo rukino, akaba atarimenyereza kuva ico gihe.

"Turiko turagira uko dushoboye kugira azobe akomeye ijana kw'ijana," uko ni ko umumenyereza Marc Wilmots yavuze.

"Sinshobora kubabwira ryari azokina, kandi sinovuga ko azoba ameze neza."

Abo bakinyi bamenyerezwa na Wilmots, ubu bari mu kibanza ca kabiri kw'isi, barahuye na Pays de Galles mu nkino zo kuja muri Euro 2016 hamwe n'izo kuja mu gikombe c'isi ca 2014.

Bamaze gutsindwa mu nkino zitatu mu zo baheruka gukina mu misi ya vuba.

Mu rukino rwaheruka, Pays de Galles babatsinze 1-0 mu gisagara ca Cardiff mu kwezi kwa gatandatu 2015.