Abarundi basabwa gukunda igihugu

President Pierre Nkurunziza
Image caption Umukuru w'igihugu c'uburundi asaba ko umutima wo gukunda igihugu woshigikizwa ibikorwa vy'iterambere n'aho ngo hakiri ibigoranye.

Umukuru w'igihugu c'uburundi asaba ko umutima wo gukunda igihugu woshigikizwa ibikorwa vy'iterambere n'aho ngo hakiri ibigoranye.

Mu Burundi buca hahimbazwa imyaka 54 iheze ico gihugu kironse intahe yo kwikukira, umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yashikirije ijambo asaba abarundi gutsimbataza no gushikgikira iyo ntahe.

Yatangaje ko agiye gushinga umugwi wo kwumviriza abantu barenganywa mu kazi anagabisha abaganga birengagiza abarwayi.

Muri iryo jambo ryari rigizwe ahani n'a kahise k'intahe yo kwikukira n'inyigisho zo kuyibungabunga, Pierre Nkurunziza yahamagariye abarundi kurangwa n'umutima wo gukunda igihugu cabo.

Aho yadondaguye nk'umwimbu muke, ubushomeri, indero iguma itituka, igwirirana ry'abantu, ibiturire n'ukugabanuka kw'imfashanyo ziva hanze.

Yagabishije abo avuga ko bacigenza nk'abakoloni n'abaganga batitaho abarwayi.

Niwo munsi wa mbere w'isabukuru yo kwikukira presida Pierre Nkurunziza azoba ahimbaje kuva atanguye ikiringo ca gatatu cateye impari haraheze amezi arenga 10.

Pierre Nkurunziza yavuze atarandiriye ko hariko haraba ibiganiro mu gihugu hagati no hanze.

Yasavye abarundi bahunze igihugu gutahuka, anavuga ko ashimishwa n'ingene uburundi bubanye neza n'ibihugu bibanyi mbere n'ibindi.

Ariko umugambwe wiwe CNDD FDD na wo washikirije ijambo uwu munsi nyene aho wagarutse ku ruhara wagiriza Ububiligi Igihugu cakolonije UBurundi uruhara mu makuba amaze imyaka ashikira uburundi n'imbere y'uko bwikukira mu 1962.