Iraq igandariye abishwe i Baghdad

Hazoba ikigandaro c'iminsi 3 ku baguye mu gitero ca Baghdad Uwufise ububasha kw’isanamu Anmar Khalil
Image caption Abagiye gushingura Talib Hassan, 35, na Hamza Jabbar, 37 baguye mu itero ca Baghdad

Iraq yatanguye ikigandaro c'iminsi itatu ku bantu 165 baguye mu gitero ca Baghdad, igihe ikamyo yari ipakiye ibisasu yaturikizwa muri uwo muji.

Umurwi wiyita Islamic State niwo watangaje ko wagavye ico gitero.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraq, Haidar al Abadi, yaciye amenyesha ko agiye kwongereza umutekano mu bwinjiriro bw' umuji.

Yavuze ko abajejwe umutekana bakwiye gusigaho gukoresha ivyuma bagendana vyo gusuzuma aboba batwaye ibisasu, kuko ngo vyagaragaye ko bidakora neza.

Uretse 165 bapfuye, abandi 225 barakomeretse, harimwo abakomerekeye mu kindi gitero cagabwe mu muji wa Karrada hafi y'umusigiti w'aba Shia mu gicugu hagati.