RNC ihuriro nyarwanda ryiciyemwo ibice

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
"Twebwe dushinze ikindi kintu gishya ariko kigendera ku mahame nka ya yandi"- Dr Théogène Rudasingwa

Abahoze bagize umurwi nyobozi wa RNC, bemeza ko RNC yari isigaye ifise agatsiko k'abantu bahoze mu gisirikare c'Urwanda b'abatutsi, bakora nk'abafise ubutegetsi bubangabanganywe n'ubwo inzego za RNC zizwi n'amategeko, bakorana na Kayumba Nyamwasa.

Theogene Rudasingwa, aremeza ko iryo koreshwa ry'agatsiko arega Kayumba ari kimwe mu vy' ingenzi vyatumye akuramwo akarenge na bamwe mu bo bari basanganywe muri RNC.

Mu bari kumwe na Theogene Rudasingwa muri New RNC, harimwo Jonathan Musonera, Joseph Ngarambe, avuga ko bari mu bo batanguranye kuva mu 2010.

Iryo shami risha New RNC, ngo rizotangaza inzego n'uburyo ryubatse mu kiringo c'iminsi 30.

Ariko umuvugizi wa RNC, Condo Gervais, arahakana ko hari ibice muri RNC, agasobanura ko ikibazo kihari ari ico kwubahiriza amategeko.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
"Ntabwo ishyaka ryacitsemo kabiri rwose...Nta muyoboke n'umwe bajyanye"- Gervais Condo

Arabeshuza ikibazo c'uko hoba harimwo agatsiko k'abahoze ari abasirikare gashigikiye Kayumba, kagenda gateza ibibazo mw'ihuriro RNC, ahubwo akemeza ko hari ikibazo co kubahiriza demokarasi kuri Rudasingwa.

Condo Gervais avuga ko bariko bihweza ikibazo co gusubiriza inzego zo muri 2014 zari zirangije ikiringo cazo.

Condo Gervais yongeye gushimangira ko ata kwicamwo ibice kwabaye muri RNC, akemeza ko muri biro nyobozi bigizwe n'abantu batanu: Kayumba Nyamwasa, Theogene Rudasingwa, Nayigiziki, Condo Gervais na Emmanuel Hakizimana, hamwe na Corneille Minani, ngo Rudasingwa niwe wenyene yavuyemwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu MARCO LONGARI/AFP/Getty Images
Image caption Theogene Rudasingwa arega abahoze ari abasirikare bashigikiye Kayumba kwitwara nk'ubutegetsi bubangabanganye n'ubwa RNC

Nayo mu bahuzabikorwa, Condo yemeza ko uwumaze kumenyekana ko yavuyemwo ari Jonathan Musonera.