Igitero c'umwiyahuzi mu muji mweranda wa Islamu, Medina

Igisagara ceranda ca Medina gikunze gushengererwa n'aba Islamu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amashusho yerekana imodokari yakongejwe hafi y'umusigiti muri Medina

Tereviziyo ya Arabia Saudite yerekanye amashusho y'imodokari iriko yaka umuriro hafi y'umusigiti umwe wo mu muji wa Medina, mu kibanza gisanzwe gihagarikwamwo imodokari, iruhande hari ikiziga.

Ico gitero cahuriranye n'ikindi cagabwe n'umwiyahuzi nyene mu wundi muji wa Qatif urwiriyemwo aba Shia, hamwe n'ikindi cagabwe ku biro vy'uwuserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika i Jeddah.

Muri ico gitero c'i Jeddah, hakomeretse abajejwe kurinda umutekano babiri.

Uwoba ari inyuma y'ibi bitero ntaramenyekana.