Ishavu mu ba Islamu ku gitero ca Medina

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Igitero c'umwiyahuzi cahitanye abantu hafi y'ikibanza ceranda ca Islamu

Ba Kizigenza mu bategetsi b'idini ba Arabia Saudite, Misiri na Irani bateye ivyatsi igitero cagabwe hafi y'ikibanza c' "Umusigiti w'Intumwa", hamwe mu bibanza vyeranda vya Islamu.

Abakuru bo mu gipolisi bane, basize ubuzima mu bitero vyagabwe muri Arabia Saudite.

Nta murwi uriyitirira ico gitero, ariko urwikekwe ruri kuri Islamic State.

Uwo murwi w'aba Islamu b'aba Sunni, wahamagariye abantu gukuraho ingoma ya Arabia saudite, kandi abayoboke bawo bagavye ibitero mu bihugu vyo mu kigobe c'Abarabu, cane cane batota inkehwa z'aba Shia, n'abajejwe umutekano.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuganwa Mohammed bin Nayef yagendeye abasirikare bakomerekeye Jeddah

IS kandi yaremanze, canke yararezwe, ibitero vyabaye muri uku kwezi kw'amapfungo ya Ramazani muri Turkiya, Bangladesh na Iraq.

Umurwi w'aba Taliban wo muri Afgahnistani, ugereranya ico gitero n'ububisha buturutse ku rwanko.

Mu gitero co kumunsi wa mbere, abajejwe umuteknao babiri barakomeretse igihe umuntu yaturitsa igisasu yambaye hafi y'ibiro vy'uwuserukira Leta zunze Ubumwe za Amerika mu muji wa Jeddah.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwamenyesheje ko ari Abdullah Qalzar Khan, afise imyaka 35, aturuka muri Pakistani, yari amaze imyaka 12 akora akazi k'ubushoferi mu muji Jeddah, yagavye ico gitero.

Uwukuriye inama mpanuzwajambo y'ubwami bwa Arabia Saudite, yavuze ko ico gitero ataco cogereranywa.

Image caption Umusigiti w'Intumwa, 'Prophet's Mosque' ,ugira kabiri mu bibanz avyeranda vya Islamu

Abdullah al-Sheikh avuga ko cagabwe n'umuntu atagira n'"agatete ko kwemera" mu mutima wiwe.

Sheikh mukuru wa kaminuza ya al-Azhar i Cairo mu Misiri, ari nayo yambere kw'isi mu mashure y'idini rya Islamu, yavuze ashimangira ku bweranda bw' "inzu z'Imana", cane cane Umusigiti w'Intumwa.

Umuganwa wa Arabia Saudite ajejwe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, Mohammed bin Nayef bin Abdul Aziz, yahumurije abanyagihugu ko umutekno wifashe neza kandi ukomeza gutera uja imbere, igihe yaja kugarukira ku basirikare bakomerekeye mu gitero ca Jiddah.