Lionel Messi yakatiwe gupfungwa

Bararegwa ko babeshe amafaranga binjiza kugira ntibarihe amakori Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Messi na se barahakanye ivyo bagirizwa

Lionel Messi yari yaciwe amahadabu arenga miliyoni zibiri z'ama dorari.

Se wa Lionel Messi, Jorge, nawe nyene yari yahanishijwe igipfungo n'ihadabu ya miriyoni 1.7 y'amadarari.

Nta n'umwe muri abo bompi yitezwe kuja mu munyororo kubera amategeko ya Espagne, ibihano vy'igipfungo kigufi mu bisanzwe ntibikunze gushirwa mu ngiro.

Messi na se bahamwe n'icaha co kutariha amatagisi mu kigega ca Espagne, aciye za miriyoni z'amadorari, kubera kunyegeza amafaranga binjiza kuma konte yabo yo hanze.