Bujumbura irihatira isuku ariko ntaryo

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Abanyagihugu baja gutora mw'iyarara rya Buterere

Freddy Mbonimpa arongoye igisagara ca Bujumbura niw yatanguje isekeza ryo gukura iyo micafu.

Ariko intambamyi ntizibuze.

Uretse uburyo buke bwofashije gutunganya ico gikorwa, canke bugafasha kwubaka aho abahita bashobora kwihagarika mugisagara( Ubuzu bwa surwumwe), imicafu yose iva mugisagara ca Bujumbura isukwa muri gace ka Buterere mu mihana y'abanyagihugu.

Image caption Abanyagihugu ba Buterere baca baja gusura mu micafu ihatabwa

Ivyo navyo bigashobora kugira ingaruka mbi kumagara y'abo banyagihugu.

Ushitse murico kibanza uhasanga ikigunguzi kinini c'imicafu, urusazi ruguma ruraduma, mbere wakirwa n'umunuko.

Usangaho kandi abantu batari bake bariko barasura muri iyo micafu. Bakavuga ko baronderamwo icobabeshaho nkuko uyu mukenyezi w'imyaka yababa 30 abisigura.

Imodoka z'ishirahamwe riyora imicafu mu gisagara zishitse, abo banyagihugu batanguranwa kuraba ko ataco bohanoba.

Bamwe baremanga ko bazi ingaruka mbi z'iyo micafu, ariko ngo ubwoba ntibwobura ngo nuko gusa ata yindi nzira bafise yo kwibeshaho.

Image caption Akarere ka Buterere, kahindutse icukiro

Umukuru wa zone ya Buterere, Ernest Nduwimana, aremeza ko ukwo guta imicafu muri ako karere bibabangamiye cane.

Aha umuntu ashobora kwibaza igituma abajejwe intwaro badashobora kubuza abo bantu kuguma baja gusura muri iyo micafu, ariko ngo ntivyoroshe kuko bari mu bukene.

Ico kibazo umukuru w'igisagara ca Bujumbura avuga ko akizi, ariko asigura ko Igisagara ayoboye naco gihanzw n'ubukene.