Ngenzi na Barahira bakatiwe burundu baregwa jenoside

Tito Barahira na Octavien Ngenzi baregwa uruhara muri jenocide yahitanye isinzi Uwufise ububasha kw’isanamu MARCO LONGARI
Image caption Perezida Kagame Na Thambo Mbeki yahoze atwara Afrika y' epfo ku rwibutso rwa Murambi

Tito Barahira na Octavien Ngenzi, bahoze ari abayobozi b'amakomine, baregwa kuba baragize uruhare mu kwica abantu baharurwa mu majana muri jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Ivyaha baregwa biri mu vyakorewe mu karere ka kabarongo, ahaguye abantu baharurwa mu 2000, bishwe aho bari bagiye kurindera ubuhungiro mu rusengero.

Rwari urubanza rwa mbere rutanzwemwo igihano gikomeye nk'ico na sentare y'Ubufaransa.

Mu mwaka wa 2014, Pascal Simbikangwa yahoze ari capitaine mu gisirikare c'Urwanda yakatiwe imyaka 25 y'umunyororo.

Amajambo yavuzwe n'ivyabona, yerekanye ubugome bw'abo bagabo, barezwe guhagarikira, ndetse no kugira uruhara bwite muri ubwo bwicanyi.

Umushikirizamanza Philippe Courroye, yavuze ko Ngenzi yari umuhagarikizi, nayo Barahira akaba bitumwako mu gufata umupaka.

Ababuranira abo bagabo bompi badomye urutoke ku vyavuzwe kuri abo abagabo, inyuma y'imyaka 22, bavuga ata bubasha abo baburanira bari bafise, rwari kubashoboza kugira ico bakoze mu gutabara abariko baricwa muri jenoside.