Bale: Ntitwicuza kuba tuvuye muri Euro 2016

Gareth Bale Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption "Twitanze tutiziganya mu kibuga, kandi umwe umwe wese muri twebwe yashaka gushika ku cipfuzo twese twari dusangiye, ariko turananirwa, twagize iaman mbi gusa." Bale

Umukinyi w'imbere wa Pays de Galles na Real Madrid, Gareth Bale, yavuze ko aticuza n'aho igihugu ciwe casezeye mw'ihiganwa rya Euro 2016, mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Igihugu ca Pays de galles n'umukinyi waco Gareth Bale, yaguzwe amehera menshi cane kurusha abandi kw'isi, cari cizeye gushika mu gice canyuma ariko baca batsindwa 2-0 na Portugal mu rukino rwabereye mu gisagara ca Lyon.

"Twitanze tutiziganya mu kibuga, kandi umwe umwe wese muri twebwe yashaka gushika ku cipfuzo twese twari dusangiye, ariko turananirwa, twagize imana mbi gusa."

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yimirije kubisa uwundi muri ayo mabanga, David Cameron yabashimiye cane.

"Abasore ba Pays de Galles bitanze batiziganya, nta nkeka ko bafashwe mu mugongo n'abakunzi b'uwo mugwi haba mu gihugu cabo canke mu Bwongereza bwose, turishimira ivyo bashitseko mu Bufaransa mu nkino za Euro 2016."

Umushikiranganji wa mbere wa Pays de Galles, Carwyn Jones yavuze ko bibabaje kuba bavuye mw'ihiganwa, ariko ko kuba barashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, ari ivyo kwishimira.

Mu 1958, umugwi wa Pays de Galles waragiye mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe c'isi.

Inyuma yo kuja kuruhuka banganya ubusa ku bundi, Christiano Ronaldo yinjije n'umutwe ku munota wa 50.

Inyuma y'iminota itatu gusa, baciye binjiza igitego kigira kabiri.