Abayahudi bo muri Ethiopia bagiye kujanwa muri Israel

Benjamin Netanyahu and Hailemariam Desalegn
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yoyemeje gutahukana abayahudi b'abanye Ethiopia

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko reta yiwe izobandanya kwimura abayahudi bari mu gihugu ca Ethiopia, ibajana muri Israel.

Yavuze ko reta arongoye izokora uko ishoboye kugira abayahudi basigaye muri Ethiopia basange benewabo bamaze gushika muri Israel.

Banye Ethiopia 9,000 bavuga ko ari abayahudi barindiriye gusubira muri Israel, kandi bamaze igihe kirekire barindiriye.

Avugana n'abamenyeshamakuru mu gisagara ca Addis Abebas, Netanyahu yavuze ko ico gikorwa kigiye kuja mu ngiro mu misi ya vuba, n'aho atavuze ryari kizobera.

"Ku vyerekeye gutwara abayahudi b'abanye Ethiopia, bakiri ngaha, turiko turabikora, twita ku rutare, kandi tuzokora ivyo twemeye, imiryango isubirane," n'uko yavuze.

"Ivyo nta gihe kinini bisigaje, bizokorwa mu mahera reta yateguye gukoresha ubu. Twariyemeje gukora uwo mugambi, kandi tuzowushira mu bikorwa."

Abayahudi b'abanye Ethiopia 130,000 baba mu gihugu ca Israel ubu, kuva hatanguye igikorwa co kubatahukana mu 1984.

Reta ya Israel iragirizwa ko ata co ikora kugira abayahudi bava mu gihugu ca Ethiopia biyumve nk'abayahudi.

Mu mezi aheze, abayahudi b'abanye Ethiopia amajana n'amajana baragize imyiyerekano avuga ko bigizwa inyuma.