Ubufaransa mu rukino rwa nyuma rwa Euro 2016

Pogba and Griezmann Uwufise ububasha kw’isanamu Instagram
Image caption Ubufaransa buzokina na Portugal mu rukino rwa nyuma rwa Euro 2016, inyuma yo gutsinda Ubudagi ibitego 2-0.

Ubufaransa buzokina na Portugal mu rukino rwa nyuma rwa Euro 2016, inyuma yo gutsinda Ubudagi ibitego 2-0.

Umukinyi w'imbere w'Ubufaransa, Antoine Griezmann ni we yafashije umugwi wiwe gushika mu gice ca nyuma, inyuma yo gutsinda ivyo bitego bibiri, mu gihe Ubudagi vyaboneka ko burusha cane urukino Ubufaransa.

Antoine Griezmann akinira Atletico Madrid yinjije igitego ca mbere kuri penalty ku munota wa 45 w'igice ca mbere, imbere y'uko yongeramwo ica kabiri mu gice ca kabiri.

Ubufaransa rero buzohura mu rukino rwa nyuma na Portugal ku musi w'Imana.