Abasirikare batanu bapfiriye mu mishamirano i Juba

Salva Kiir and Riek Machar Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare ba reta batanu biciwe mu mishamirano hagati y'imigwi ibiri y'abasoda batarabana ryiza muri Sudan y'ubumanuko, bamwe bashigikiye prezida Salva Kiir abandi icegera ciwe Riek Machar

Abasirikare ba reta batanu biciwe mu mishamirano hagati y'imigwi ibiri y'abasoda batarabana ryiza muri Sudan y'ubumanuko, mu gisagara ca Juba, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba gisirikare.

Bivugwa ko abasirikare bashigikiye icegera ca prezida Riek Machar, barashe abari kw'ibariyeri bari ku ruhande rwa prezida Salva Kiir.

Intambara yasubiye kwaduka muri Sudan y'ubumanuko mu 2013, inyuma y'itana mu mitwe hagati y'abasirikare bashigikiye Machar na prezida Kiir.

Machar yasubiye i Juba mu kwezi kwa kane, inyuma y'aho abo bagabo babiri bashiriye umukono ku masezerano y'amahoro.

Iyo mishamirano yadutse imbere y'uko hahimbazwa imyaka itanu irangiye ico gihugu kironse intahe yo kwikukira, ku musi wa gatandatu.