Abantu amajana biteguriye gufotorwa bari gusa i Hull

nude people Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Abantu amajana n'amajana bazokura impuzu bifotoze bari gusa mu guhimbaza umusi mukuru w'akaranga mu gisagara ca Hull

Abantu amajana n'amajana bazokura impuzu bifotoze bari gusa mu guhimbaza umusi mukuru w'akaranga mu gisagara ca Hull, mu Bwongereza.

Ivyo bizoba mu gushimagiza ico gisagara, nk'igisagara c'akaranga.

Abazoja kwifotoza bazosigwa irangi risa n'ubururu ku musi wa gatandatu, hanyuma bafatwe amafoto bari mu bibanza bizwi cane muri ico gisagara, nk'ahari umugambi wa Sea of Hull.

Uwo mugambi ukorwa na Spencer Tunick azwi cane mu gufotora, afashwe mu mugongo n'ikigo kijejwe akaranga ca Ferens Art Gallery.

Ifoto zizofatwa zizobikwa zerekwe abantu mu biteramo vy'akaranga vyo mu 2017, bizomara umwaka umwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Spencer Tunick
Image caption Tunick yavuze ko akazi kiwe " karaba cane cane kahise karekare k'akaranga ko kuba gusa"

Tunick, ava mu gisagara ca New York, yarigeze gukora akazi nkako ahandi hantu.

Yarigeze gufata amafoto y'abantu benshi bari gusa i Sydney Opera House, Place des Arts mu gisagara ca Montreal, Mexico City hamwe no mu gisagara ca Munich mu gihugu c'Ubudagi.

Tunick yavuze ko akazi kiwe " karaba cane cane kahise karekare k'akaranga ko kuba gusa".

"Kwambara ni akaranga k'uwundi muntu", ni ko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu bariko barifotoza bari gusa mu gisagara ca New York

Abantu bababa 200 bariyandikishije kwifotoza bari gusa kuva ico ciyumviro gishizwe ku mugaragaro mu kwezi kwa gatatu.

Abarongoye igisagara ca Hull bavuze ko amwe mu mabarabara azoba yugaye igihe hazoba hariko haraba ico gikorwa.