Ibirwanisho mu nzu y'uwarashe i Dallas

Aho Micah Johnson hatowe ibirwanisho Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Micah Johnson, w'imyaka 25, yoba yikoranye we nyene

Igipolisi catanze imyirondoro y'uwurerwa ko yarashe i Dallas, kikamenyesha ko yitwa Micah Johnson, w'imyaka 25 yahoze mu gisirikare.

Ubwiwe yahavuye yicwa, amaze umwanya munini ahanganye n'abapolisi.

Abapolisi batanu bararashwe barapfa abandi indwi barakomereka.

Umukuru w'igisagara, Mike Rawlings, avuga ko abategetsi bibaza ko yari we wenyene, atawe bafatanije muri ukwo kurasa abapolisi, kandi ko bizeye ko ubu ata zindi mpungenge z'umutekano zihari.

Habaye ingendo mu mutekano zakozwe mu miji ya Atlanta, New Orleans, New York n'ahandi henshi, zo kwiyamiriza ubwicanyi buregwa abapolisi.

Jesse Jackson, azwi mu guharanira agateka ka zina muntu, avuga ko n'ubwo urupfu rw'abo bapolisi rubabaje, ngo intambara yo kurwanya no guca burundu ico yise 'igandagurwa ry'abirabure' itegerezwa gukomeza.

Hagat'aho abahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu mu matora yimirije aho muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, nabo bagize ico bavuga kuri ubwo bwicanyi bwabaye Dallas.

Uwufise ububasha kw’isanamu FACEBOOK
Image caption Micah Johnson bivugwa ko yoba yakoze imyitozo kenshi

Hillary Clinton yavuze ko ubwicanyi bwabaye muri iyi ndwi bwari bukwiye gutera ubwoba buri muntu wese w'Umunyamerika.

Avuka ko ico gihugu gikwiye gukora ibishoboka vyose kugirango haboneke amategako ngenderwako ku bijanye n'ububasha bwo gukoresha inguvu buhabwa abapolisi, hamwe n'uko abapolisi ubwabo bokingirwa.

Donald Trump nawe yasohoye video avugamwo ko Abanyamerika bategerezwa guhagararira iyubahirizwa ry'amategeko.

Ariko yongeyeko ko urupfu rw'abirabure babiri baguye mu minwe y'igipolisi, ari ikimenyetso c'uko inzira ikiri ndende mu gushika aho Umunyamerika wese yiyumva ko umutekabo wiwe ukingingiye.