Al Shabaab yateye polisi ya Kenya

Abarwanyi ba Al Shabaab bafise ibirwanisho Uwufise ububasha kw’isanamu MOHAMED ABDIWAHAB
Image caption Abarwanyi ba Al shabab muri Somalia

Abategetsi ba Kenya bavuga ko abarwanyi ba Al Shabaab binjiye mu gisagara ca Wajir bari muri kamyo zitatu mu gatondo ko kuri uyu munsi wa gatandatu.

Umwe mu bapolisi yakomeretse.

Abayoboke ba Al Shabaab bakunze kugaba ibitero ku butaka bwa Kenya, rimwe rimwe baturutse muri Somalia.

Uyo murwi usanzwe ufise kandi n'abayoboke bari ku butaka bwa Kenya.