Obama: 'Nta macakubiri muri Amerika'

Abiciwe Dallas baguma bibukwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu muji wa Dallas baracibuka abapolisi 5 bishwe.

Abapolisi batanu b'abazungu barishwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw'abirabure babiri bwarezwe abapolisi.

Obama yavuze ko atari vyo kuvuga ko Emerika yasubiye mu bihe nk' ivyo mu myaka ya mirongo itandatu.

Ayo amajambo yavugiye mu na nama iruhande y' iyo yari asanzwemwo ku rwego rwa OTAN iriko ibera muri Wrasaw, yahuriranye n'ayo icegera ciwe Joe Biden, aho yavuze ko abanyamerika bafise inshingano zo guhagararira kwirinda akarenganyo ariko kandi ko bakwiye gufashanya.