Imyiyerekano irakomeje muri USA

Abiyerekana Minneapolis basaba ubutungane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abari mu myiyerekano Minneapolis basaba ubutungane kuri Philando Castile

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abirabure irabandanya muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, n'ubwo perezida Obama yahamagariye abanyagihugu kuguma bafatanye munda, inyuma y'aho abapolisi batanu barasiwe mu muji wa Dallas.

Ahenshi imyiyerekano yabaye mu mahoro, aho abantu bagenda bavuga ngo "ubuzima bw'abirabure nabwo n'ubuzima" .

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption DeRay Mckesson, ari mu baharanira ko ubuzima bw'abirabure bwubahirizwa yafatiwe muri Baton Rouge

Muri Baton Rouge, abantu baharurwa mu majana bari bakoraniye hanze y'ibiro vy'igipolisi basemerera ngo"Ata butungane, nta mahoro" baja no mu kibanza Alton Sterling yarasiwemwo.

Habaye kandi imishamirano hagati y'abayoboke b'umutwe 'New Black Panther', bahanganye n'abapolisi bari bitwaje ibikoresho vyo guhosha imigumuko.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abanywanyi ba New Black Panther bahanganye n'igipolisi

Amategeko muri Louisiana yemerera abantu kwitwaza inkoho ku mugaragaro.

Perezida Obama yarahakanye ko Abanyamerika boba basubiye mu macakubiri nk'aya kera mu myaka ya 1960, n'ubwo hari icuka kibi.