Muri Zambia bahagaritse kwiyamamaza

Perezida Edgard Lungu Uwufise ububasha kw’isanamu Autres
Image caption Hari abavuga ko imyiyamamazo yahagaritswe kubera perezida Lungu ata banywanyi agira

Ku munsi wa gatanu hari umupolisi yarashe umugore mu myiyamamazo y'abatavuga rumwe n'ubutegesi, yo kwitegurira amatora yo mu kwezi kuza muri Zambia.

Abatavuga rumwe na leta bavuga ko ingingo y'ihagarikwa ry'imyiyamamazo, yaturutse kuko perezida Edgar Lungu ataronse abakwiye bamukurikira.

Habaye gukozanyako hagati y'umugambwe uri ku butegetsi 'Patriotic Front', n'umugambwe batavuga rumwe 'United Party for National Development'.