Reta ya Misri yoba inyuruza abo batavuga rumwe?

police officers Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igipolisi mu mabarabara y'i Cairo

Ishirahamwe rya Amnesty International yagiriza ubutegetsi bwa Misri ko bufise uruhara mw'inyuruzwa ry'abantu, mu ntumbero yo gutera ubwoba abatavuga rumwe na bwo.

Mu cegeranyo gishasha, iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, ryerekanye ko hari abantu bagiye baranyuruzwa kuva mu ntango ya 2015.

Ico cegeranyo kivuga ko abanyeshure amajana n'amajana, abanyepolitike hamwe n'abitavye imyiyerekano harimwo bato cane boba bafise imyaka 14, banyurujwe gushika n'ubu akaba atawuzi irengero ryabo.

Ico cegeranyo gishasha ca Amnesty International kandi kivuga ko abantu bane ari bo bahagarikwa buri musi n'abajejwe umutekano, abandi benshi bakaba bapfungwa amezi menshi.

Ryagirije kandi amasentare ko afise uruhara muri iryo nyuruzwa.