David Cameron yasezeye inama nshingamateka

David Cameron Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron yagize inama ya nyuma n'inama nshingamateka

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron, uyu musi yagize inama ya nyuma n'inama nshingamteka inyuma y'imyaka itandatu ari ku butegetsi.

Habaye uguterana amajambo n'umukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta wa Labour, Jeremy Corbyn, ku vyerekeye ubutunzi, hamwe no gushaka kuguma ku butegetsi mu migambwe yose.

Uyu musi ni wo wanyuma wa David Cameron kwitwa umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, inyuma y'imyaka itandatu ari muri ayo mabanga.

Mu nama nshingamateka, yishuye ku bibazo vy'abashingamateka, ubu na ho bikaba vyitezwe ko abonana n'umwamikazi Elizabeth ku kirimba ciwe i Buckingham, aho aza kumushikiriza ikete ryiwe ryo gutanga imihoho.

Umupfasoni Theresa May aca amusubirira muri ayo mabanga bari bicaranye.

Cameron yamenyesheje ko agiye gutanga imihoho, inyuma y'aho atsindiwe mu matora ya kamarampaka yatumye Ubwongereza buhitamwo kuva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Uwugiye kumusubirira, umupfasoni May, yiyemeje gushira mu ngiro ingingo yo kuva mw'ishirahamwe EU, n'aho wewe atari yashigikiye uwo mugambi.