Obama: Igipolisi n'abanyagihugu bakeneye kwizerana

President Barack Obama Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Obama yabonanye n'abaharanira agateka ka zina muntu, igipolisi hamwe n'abakuru b'ibisagara

Prezida Obama yavuze ko Amerika itanegereje ahakenewe kugira izibire ikinogo kiri hagati y'igipolisi n'abanyagihugu gikorera.

Yavuze ko vyinshi bikenewe gukorwa kugira habe ukwizerana hagati y'abirabure co kimwe n'abaturuka muri amerika y'epfo, mu kugira amatohoza neza ku mabi aba yakozwe n'igipolisi.

Ivyo prezida Obama yabivugiye i Washington inyuma yo kubonana n'abaharanira agateka ka zina muntu, abanye politike hamwe n'abanyamategeko.

Uwo mubonano uje ukurikira ubwicanyi buherutse bw'abapolisi bwahitanye abirabure i Louisiane n'i Minnesota.

Ubwo bwicanyi bwakurikiwe n'ukwihora k'umwirabure yahoze mu gisirikare yarashe abapolisi batanu mu gisagara ca Dallas mu ndwi iheze.