Man United: umugwi wa gatanu utunze kw'isi

Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi wa Manchester United uri ku rutonde rw'imigwi itanu itunze cane kw'isi rw'ikinyamakuru Forbes, agaciro kawo kaba karaduze ku bice indwi kw'ijana.

Umugwi wa Manchester United uri ku rutonde rw'imigwi itanu itunze cane kw'isi rw'ikinyamakuru Forbes, agaciro kawo kaba karaduze ku bice indwi kw'ijana.

Umugwi wa NFL, Dallas Cowboys, ni yo ifise ubutunzi bwinshi bugera ku miriyaridi zine z'amadolali, kandi bukaba bubaye ubwa mbere umugwi udakina umupira w'amaguru uza ubwa mbere kuri urwo rutonde, kuva rutanguye gukorwa mu 2011.

Man United, babaye aba mbere kuri urwo rutonde mu 2011 na 2012, bafise ubutunzi bugereranywa n'amamiriyaridi y'amadolali 3.32.

Umugwi wa Real Madrid uza mu kibanza ca kabiri n'imiriyaridi z'amadollars 3.65, hanyuma Barcelone ya gatatu n'imiriyaridi 3.55

Man United, umugwi wonyene w'Ubwongereza uri kuri urwo rutonde, bafashijwe cane n'amasezerano wa miliyoni 750 z'amapawundi bafitaniye na Adidas, yongereje cane agaciro k'uwo mugwi n'aho watsinzwe mu migwi yabaye iya mbere iwabo.

Manchester United kandi ni wo mugwi wa mbere ufise ideni rinini mu migwi 25 ya mbere.

Arsenal (23), Manchester City (28), Chelsea (36) na Liverpool (41) ni yo migwi yindi y'Ubwongereza yashoboye kuja kuri urwo rutonde.