Boris Johnson: imigambi yiwe n'ivyo avurwa

Boris Johnson Uwufise ububasha kw’isanamu DANIEL LEAL-OLIVAS
Image caption Boris Johnson yahawe 1 mu bushikiranganji 3 bukomeye

Umushikiranganji musha w'imigenderanire y'Ubwongereza n'amakungu Boris Johnson' ahejeje gushirwa mu bagize leta nsha ya Theresa May, yatangaje umugabi wiwe w'imigenderanire n'amahanga.

Boris Johnson yahoze ari umukuru w'igisagara ca Londres, yavuze ko kuva mu "Bumwe bwa Bulaya" bidasigura kuvana n'uwo mugabane.

Boris Johnson yari mw'isekeza ry'abashaka ko Ubwongereza buva mu Bumwe bwa Bulaya, yagizwe umushikiranganji w'imigenderanire n'umushikiranganji wa mbere mushasha Theresa May.

Yavuze ko yamaze gushikiriza ijambo abakozi bo muri ubwo bushikiranganji bagera ku 700, ababwira imigambi yifuza guherako gushira mu ngiro.

Ati "nababwiye ivyo niyumvira tuzoshimikirako mu migenderanire n'amahanga bijanye no guha isura nsha n'ikibanza, igihugu cacu mu makungu".

Naho ku mugabane wa Bulaya, birumvikana ko tubwirizwa gushira mu ngiro ivyo abanyahugu basavye muri kamarampaka, ariko ntibisobanura na gatoya kuvavanura n'umugabane wa Bulaya".

Avuga ko hari ubudasa bunini hagati yo kuva mu Bumwe bwa Bulaya, no kugirana imigenderanire n'umugabane wa Bulaya.

Bwana Johnson yagirijwe na mugenziwe w'imigenderanire y'Ubufaransa n'amakungu Jean-Marc Ayrault, ko yabeshe abanyagihugu mu gihe ca kamarampaka ku kibazo co kuvana n'Ubumwe bwa Bulaya.

Abajijwe kuri ayo majambo, no ku bindi avurwako yavuze ku bihugu vyo hanze canke abantu muri kahise, Boris Johnson yavuze ko hatari kubura amajambo ava mu bategetsi bo ku mugabane wa Bulaya, inyuma y'ingingo y'Ubwongereza yo kuva mu Bumwe bwa Bulaya, kandi ko bagaragaje ivyiyumviro vyabo uko bavyumva mu bwisanzure bwuzuye.